
Umwanditsi: HAKIZIMANA Maurice
KIRUNDO ni imwe mu ntara cumi n’umunani zigize igihugu c’Uburundi. Iherereye mu buraruko (amajyaruguru) bw’igihugu, igice kinini cayo kiri mu ntara kama ya Bugesera.Kirundo ifise uburinganire bungana n’ibirometero kwadarato (kilomeero kare) vyababa 1703, mu mwaka w’2019 ikaba yabamwo abantu bababa 860 206.Intara ya Kirundo igizwe n’amakomini indwi

II Kunkurikira kuri Whatsapp https://whatsapp.com/channel/0029VaCyM5ILdQejDYwQ2b2 II Kunkurikira kuri facebook: https://www.facebook.com/professormaurice/.
Imbere y’umwaka w’1763 , Kirundo yitwa Muharuro. Yagiye kwitwa Kirundo inyuma y’aho ingabo z’Uburundi zitsinze ingabo z’Urwanda hagati y’imisozi ya Shinge na Rugero.(Kubura shinge na rugero)!
Intambara nyinshi hagati y’Uburundi n’Urwanda, zabaye ku ngoma z’abami Mutaga Senyamwiza w’Uburundi na Cyirima Rujugira w’Urwanda. Igihe gihambaye kitigera cibagirwa , ni ico kuri Shinge na Rugero( iyi ni imisozi ibiri ibangikanye iri mu ntara ya Kirundo).
Hari mu mwaka 1763 aho ingabo z’Uburundi zahangana n’iz’Urwanda ku misozi y’Uburundi yitwa Shinge na Rugero. Ingabo z’Uburundi ntahetwa mu gufora umuheto, zakoresheje akenge abanyarwanda baja narwo ngo urugamba rurarangiye. Abarundi mw’ibanga barabakikuza (barabagota) abanyarwanda bisanga mu muzingi w’abahizi mu kugema.Muri uwo muzingi, hagati y’imisozi Shinge na Rugero, abanyarwanda barabura irembo babura n’icanzo!(babura aho binjirira n’aho basohokera).
Agashinze kuri shinge abari kuri rugero bagashingamwo umwampi, akararutse kuri Rugero abo kuri Shinge bagashinga intanage mu cico kagasandaba.

Udusozi twa Shinge na Rugero aho Abanyarwanda bashiriye hahindurwa Kirundo
Ingabo z’Urwanda zarahahoneye (zarahashiriye) haba ikirundo kinini c’ibiziga( intumbi) ari naho havuye izina “Kirundo” .Uko kuntu abanyarwanda babuze iyo baja n’iyo bava, bakabura ayo bacira n’ayo bamira. Shinge na Rugero bikaba nk’urugogero, bakabura aho bambukira, niho havuye imvugo “kubura shinge na rugero”. Babuze Shinge na Rugero! Iri ryungane mu kirundi rirakoreshwa cane iyo umuntu aburaniwe, akabura ico afata n’ico areka.Co kimwe no mu Kinyarwanda byasize umugani wo kubura Shinge na Rugero.
Umwami MUTAGA SENYAMWIZA
Mutaga Senyamwiza ni umwami w’Uburundi. Ufatiye kuri rwa ruhererekane rugufi ruvuga ko abami b’Uburundi babaye umunani (Karori Ndizeye akaba yarabaye uw’icenda)uhereye kuri Ntare Rushatsi, Mutaga Senyamwiza ni umwami agira gatatu, umuhungu w’Umwami Mwezi Ndagushimiye.Mutaga Senyamwiza ngo yari mwiza cane ari naco gituma bamwise Senyamwiza (Semwiza). Kubera ibitero yagavye ku Rwanda n’ivyo urwanda rwamugavyeko abanyarwanda bakaba aribo bahasiga agatwe,mu Rwanda bamwita Senyamubi (Semubi).
Mutaga Senyamwiza yatwaye Uburundi kuva mu 1739 gushika mu 1767. Yoba yapfiriye i Butare (mu bumanuko bw’Urwanda) ku rugamba. Hari mu Burundi icyo gihe.Abazwi mu bahungu biwe ni Mbonyingingo, Sebitungwa na Ntisemberwa yahavuye amusubirira kw’izina ry’ubwami “Mwambutsa Mbariza”.
Iyi si,

HAKIZIMANA Maurice II Kunkurikira kuri Whatsapp https://whatsapp.com/channel/0029VaCyM5ILdQejDYwQ2b2 II Kunkurikira kuri facebook: https://www.facebook.com/professormaurice/.
I loved as much as you will receive carried out right here The sketch is tasteful your authored subject matter stylish nonetheless you command get got an edginess over that you wish be delivering the following unwell unquestionably come further formerly again as exactly the same nearly very often inside case you shield this hike